Umurwi wa Senat ujejwe iperereza, wasohoye iyo raporo, ku musi wa kabiri, itangaza kw’ibiro C-I-A, vyafashe nabi abanyororo vyiketse ko bagira iterabwoba
Iingwano, n’ayandi mabi, muri Centrafrique, Iraki, Syria, mu ntara z’abanya Palestina, Sudani yo mu bumanuko, na Ukraine, biri mu vyatumye abana bakorerwa amabi atagira uko avurwa.
Umugamwa William, yarabonanye na prezida wa Amerika, Barack Obama, mu biro vyiwe, Maison Blanche, aho bavuze ku bugizi bwa nabi, bukomeye bugirwa, mu bucuruzi bw’inyamaswa
Igihugu ca Sierra Leone, gifise abantu ibihumbi indwi n’amajana indwi na mirongo icenda n’umunani bafise Ebola
Yavuze ko Amerika, idashaka kubona intamwbwe zikomeye zashitsweko, mu kiringo c’imyaka cumi n’itatu irangiye, y’ingwano muri Afghanistani, zisubira inyuma.
Mu ndwi iheze, abanyororo amajana atatu, canke barenga, baratorotse ibohero, mu ntara ya Ikiti, mu gihe abandi banyororo, ijana na mirongo ine na bane, batorotse ibohero ryo mu ntara ya Kogi.
Ico gitero cabereye, mu ntara ya Kivu, iri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Congo, mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu
Umwihevyi, yari afise bombe yariturikije, mu buriro, National Bar and Restaurant, ku musi wa gatanu, ku muhingamo, mu masaha yo gisagara ca Baidoa.
Abagenzi b’umuryango wa Mandela, bakoraniye mu kibanza citiriwe ubwigenge, Freedom Park, mu gisagara ca Johannesburg, gushira amashurwe, ku cibutso ciwe.
Igiterwa ca Jatropha gifasha mu gukora amasabauni, amavuta, n'umwavu
Vyari bitegekanijwe kw’inama nshingamateka itangura umugambi w’ukwivanaho, yonyene ubwayo, ku musi wa gatatu, kugira bitume amatora yo mu kwezi kwa gatatu aba.
Ico gitero cabaye, ku wa gatatu, cabereye hafi y’ikibuga c’indege mpuzamakungu co ku murwa mukuru, Mogadisho gikingiwe cane, kirimwo ama ambassade, n’ikibanza c’ishirahamwe O-N-U.
Papa Francis, yariyamirije ibitero vy’umurwi, Islamic State, ku ba Kristu, n’ayandi madidni ari ku rushi, mu bihugu vya Iraki na Syria.
Ivyatohojwe bishasha, vyerekana kw’ubutunzi bw’igihugu c’Ubuyapani bwagabanutse, ku rugero rwa kimwe n’ibice bitandatu kw’ijana, mu kwezi kw’indwi, ukwezi kw’umunani, n’ukwezi kw’icenda
Uwo Mufransa, w’imyaka mirongo ibiri n’ibiri, yitwa, Maxime Hauchar, yagiye mu gihugu ca Syria, haraheze ikiringo ikirenga umwaka
Ivyo umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu, muri Republika iharanira Demokrasi ya Congo, Felix Kabange Numbi, yabitangaje, ku musi wa gatandatu
Prezida Obama, yaragiranye inama, uno musi ku w’Imana, n’umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Australia, Tony Abbott, n’umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubuyapani, Shinzo Abe
Abarwanyi b’umurwi Boko Haram, bateye igisagara ca Chibok, kiri mu ntara ya Borno, mu masaha akuze, yo ku musi wa kane.
Prezida Putin yaridoze, ku bihano urunani rw’ibihugu biyobowe na Amerika, vyafatiye Uburusiya, kubera ibikorwa vya gisirikare vy’ico gihugu, muri Ukraine.
Ibitero vy’indege z’ingwano, vy’urunani ruyobowe na Amerika, ku murwi Islamic State, bizokwiyongera, mu gihe inteko z’igihugu ca Iraki zizoba ziriko ziringereza inguvu, kurushiriza
Voma ibindi