Uko wahagera

Nta Ebola Ikibazwa, muri Republika Iharanira Demaokrasi ya Congo


Isekeza ry'ugutuma abantu bafata ingingo z'ukwirinda kwwandura indwara ya Ebola, muri Afrika yo mu burengero
Isekeza ry'ugutuma abantu bafata ingingo z'ukwirinda kwwandura indwara ya Ebola, muri Afrika yo mu burengero

Republika iharanira Demokrasi ya Congo, yatangaje kw’ata Ebola ikiri mu gihugu, inyuma yuko ukwiyadukiza kwa Ebola, muri ico gihugu, mu kwezi kw’umunani, guhitanye abantu bagera, kuri mirongo itanu.

Ivyo umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu muri Republika iharanira Demokrasi ya Congo, Felix Kabange Numbi, yabitangaje, ku musi wa gatandatu, yamara yaragabishije kw’ukurangira kw’iyo ndwara, atari ukuvuga kw’igihugu cogoroye burundu.

Numbi, yavuze ko Republika iharanira Demokrasi ya Congo, yageramiwe n’ubwoko bw’umugera wa Ebola, utandukanye n’uwuriko ugeramira ibihugu vya Guinee, Liberia na Sierra Leone, ishobora kwandukirwa n’ubwoko bwa Ebola, bwo muri Afrika yo mu burengero bwahitanye abantu barenga ibihumbi bitanu.

Muri ico gihe, umuganga yanduye Ebola, mu gihugu ciwe c’amavuko, ca Sierra Leone, yarashitse mu gisagara ca Omaha, mu ntara ya Nebraska, muri Amerika, kugira avurwe. Docteur, Martin Salia, aba muri Reta ya Maryland, yubakanye n’umunyamerikakazi, yari amaze igihe akora nk’umuganga mukuru, mu bitaro vyo ku murwa mukuru wa Sierra Leone, Freetown, igihe vyibonekeza ko yanduye Ebola. Azovurirwa mu bitaro, Nebraska Medical Center, bimwe mu bitaro bitari bike, bifise uburyo bw’ukuvura abantu bafise Ebola.

XS
SM
MD
LG