Uko wahagera

Umurwi, Boko Haram, Warafashe Igisagara ca Chibok, muri Nigeria


Abarwanyi b'umurwi, Boko Haram bariko berekana ikimodoka ca blinde.
Abarwanyi b'umurwi, Boko Haram bariko berekana ikimodoka ca blinde.

Umurwi w’intagondwa z’aba Islamu, mu gihugu ca Nigeria, Boko Haram, warafashe igisagara ca Chibok, kiri mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu, igisagara carimwo abigeme b’abanyeshule, barenga amajana abiri, uwo murwi wanyuruje, mu ntango z’uyu mwaka.

Pogo Bitrus, umuyobozi w’inama y’inararibonye mu gisagara ca Chibok, yabwiye Ijwi rya Amerika, kw’abarwanyi b’umurwi Boko Haram, bateye igisagara ca Chibok, kiri mu ntara ya Borno, mu masaha akuze yo ku musi wa kane.

Amenyesha kw'abasirikare, bari muri ico gisagara, n’abarwanyi b’abasivile, bagerageje kubarwanya, yamara bararushsijwe inguvu, n’igitigiri kinini c’abarwanyi b’umurwi Boko Haram.

Pogo Bitrus, avugira kw’itelephone, ari ku murwa mukuru w’igihugu ca Nigeria, Abuja, yatangaje kw’ingwano yabandanije, mw’ijoro ryose ryo ku musi wa kane.

Ku vyerekeye iyindi nkuru, umwihevyi afise bombe, yarishe abantu batandatu, canke barenga, ku musi wa gatanu, mu gisagara ca Kano, kiri mu buraruko bw’igihugu ca Nigeria.

Nta wiyitiriye buno nyene ico gitero, yamara abarwanyi b’umurwi Boko Haram, barateye ico gisagara, imbere yaho.

Umurwi Boko Haram, warafashe ibisagara bitari bik,e mu ntara zo mu buraruko bushira ubuseruko bw’intara za Borno, na Adamawa, muri uyu mwaka.

I Washington, umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika, Jen Psaki, yatangaje ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziriko zikwirikiranira hafi, ukugene ibintu biriko bigenda, mu gisagara ca Chibok, bakaba babandanya kwiyemeza, ku vyerekeye gufasha Reta y’igihugu ca Nigeria.

XS
SM
MD
LG