Abantu bikekwa ko barwanya ubutegetsi barishe abantu cumi na babiri, canke barenga, muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, mu vyiyongeye ku bwicanyi b’abantu amajana n’amajana, mu mezi arangiye.
Ico gitero cabereye, mu ntara ya Kivu, iri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Congo, mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu, cabaye inyuma y’umuhango wa Reta ya Congo, n’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, w’ukugarukana umutekano, mu karere ka Beni, aho imirwi yitwajhe ibirwanisho iriko iniganira kwigarurira amatungo y’ubutare, ari muri ako karere.
Ishirahamwe ridaharanira inyungu za politike, Societe Civile du Nord Kivu, ryamenyesheje kw’imipanga yakoreshejwe, mu gitero co ku musi wa gatandatu, cabaye mu mihana, igitigiri c’abapfuye kikaba gishaobora kuba kiri hejuru incuro zitatu.