Uko wahagera

Abanyafrika y'epfo Baributse Mandela


Icibutso ca Mandela mu gisagara ca Johannesburg
Icibutso ca Mandela mu gisagara ca Johannesburg

Abanya Afrika y’epfo, bibutse umwaka urangiye, Nelson Mandela, yitavye Imana.

Abagenzi b’umuryango wa Mandela, yitavye Imana mu mwaka uheze, afise imyaka mirongo icenda n’itanu, inyuma y’indwara yamaze igihe kirekire, bakoraniye mu kibanza citiriwe ubwigenge, Freedom Park, mu gisagara ca Johannesburg, gushira amashurwe, ku cibutso ciwe.

Umupfakazi wa Mandela, Graca Machel, yarahayagije Mandela, mu gihe abandi bavuze kw’iragi ryiwe, yasigiye igihugu ca Afrika y’epfo.

Yapfunzwe imyaka mirongo ibiri n’indwi, kubera ibikorwa vyiwe vy’ukurwanya intwaro y’agahotoro ya Apartheid, yaratsindiye agashimwe kitiriwe Nobel imyaka itatu, inyuma yuko avuye mu munyororo, mu mwaka w’1990, mu mwaka w’1994, akaba yatowe kuba umprezida wa mbere w’umwirabure, w’igihugu ca Afrika y’epfo.

Prezida wa Amerika, Barack Obama, yavuze mw’itangazo, ku musi wa gatanu, kw’igikorwa ca Mandela, kizogira ingaruka, ku bayobozi b’ibihugu vyo kw’isi, bo mu bihe biri imbere.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, John Kerry, yasohoye itangazo, ku musi wa gatanu, ry’ukwibuka Mandela. Yatangaje kw’iragi rya Mandela rigiha inguvu abantu bose.

Abanya Afrika y’epfo, mu gihugu cose, bubahirije iminuta itatu y’agacerere, kugira bibuke uwahoze ari umuyobozi wabo.

XS
SM
MD
LG