Uko wahagera

Umuganwa Wiliam w'Ubwongereza, mu Rugendo Muri Amerika


Prezida wa Amerika, Barack Obama, i buryo yarabonanye n'umuganwa, William mu biro vyiwe, ku musi wa mbere
Prezida wa Amerika, Barack Obama, i buryo yarabonanye n'umuganwa, William mu biro vyiwe, ku musi wa mbere

Umuganwa William, w’Ubwongereza yaragendeye igisagara ca Washington, mu bwabaye ubwa mbere, ku musi wa mbere, aho yateye akamo kuko ingingo zikomeye zifatirwa ubudandaji butemewe n’amategeko, bw’inyamaswa.

Umugamwa William, yarabonanye na prezida wa Amerika, Barack Obama, mu biro vyiwe, Maison Blanche, aho bavuze ku bugizi bwa nabi bukomeye bugirwa, mu bucuruzi bw’inyamaswa, mu nyuma yaho, umuganwa William, yarashikirije ijambo kuri ico kibazo, mu nama y’Ibankai y’isi yose.

Mu gihe umuganwa William, yari i Washington, Umupfasoni wiwe, Kate, yibungeze umwana agira kabiri, yaragendeye ikibanza citaho abana, mu gisagara ca New York, ari kumwe n’umupfasoni w’umukuru w’igisagara ca New York, Bill de Blasio.

Bubaye ubwa mbere umuganwa, William, n’umupfasoni wiwe, Kate, bagendera Reta Zunze Ubumwe za Amerika, kuva mu mwaka w’2011.

Bahitse mu gisagara ca New York, ku musi w’Imana, mu rugendo rw’imisi itatu muri Amerika.

XS
SM
MD
LG