Uko wahagera

Israel Batagekanije Amatora mu Kwezi kwa Gatatu muri 2015


Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Israel, Benjamin Netanyahu
Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Israel, Benjamin Netanyahu

Abashingamateka, mu gihugu ca Israel, bemeye kugirisha amatora mashasha, kw’italiki 17 z’ukwezi kwa gatatu, inyuma yuko umushikiranganji wa mbere, Benjamin Netanyahu, amenyesheje kw’agiye gusambura inama nshingamateka yari ihari, muri iki gihe, mu buryo bwihuta bushoboka.

Abategetsi b’imigambwe bumvikanye kw’italiki y’amatora, ku musi wa gatatu, umusi umwe inyuma yuko umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Israel, Benjamin Netanyahu, yirukanye abashikiranganji babiri bakomeye, agasaba ko haba amatora y’imbere y’igihe.

Vyari bitegekanijwe kw’inama nshingamateka itangura umugambi w’ukwivanaho yonyene ubwayo, ku musi wa gatatu, kugira bitume amatora yo mu kwezi kwa gatatu aba.

Ivyatohojwe vyerekana kw’umugambwe w’umushikiranganii wa mbere, Benjamin Netanyahu, bisa nuko uzogumana ubutegetsi, mu bizotuma Natanyahu aguma ku butegetsi.

Yatangaje, ku musi wa kabiri, kw’ashaka ukwizigirwa kugaragara kw'abanyagihugu, kugira ashire mu ngiro imigambi yiwe, kandi kw’atazobandanya kwihanganira abamurwanya, muri Reta yiwe.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, yirukanye umushikiranganji ajejwe ikigega ca Reta, Yair Lapid, n’umushikiranganji ajejwe ubutungane, Tzipi Livni.

XS
SM
MD
LG