Uko wahagera

USA: Sena Ivuga ko C-I-A Yafashe Bunyamaswa Abikekwa Iterabwoba


Senateri, Dianne Feinstein ayoboye umurwi wa senat ya Amerika ujejwe ivyerekeye iperereza
Senateri, Dianne Feinstein ayoboye umurwi wa senat ya Amerika ujejwe ivyerekeye iperereza

Raporo ya Sena ya Amerika, imenyesha kw’ibiro bijejwe iperereza vya Amerika, C-I-A, vyafashe bunyamaswa, abikekwa ko bagira iterabwoba, inyuma y’ibitero vy’iterabwoba vyabaye, ku butaka bwa Amerika, kw’italiki 11 z’ukwezi kw’icenda, mu mwaka w’2001, mu gihe ivyo biro biba biriko bisambisha abikekwa iterabwoba, inyifato iteye kubiri n’imico iranga Amerika.

Umurwi wa Sena ujejwe iperereza, wasohoye iyo raporo, ku musi wa kabiri, itangaza kw’ibiro C-I-A, vyafashe nabi abanyororo vyiketse ko bagira iterabwoba, birajuragiza Kongre ya Amerika, n’Abanyamerika, ku kamaro k’uburyo iviyo biro vyakoresheje, harimwo gushira abikekwa iterabwoba, mu bibanza vyaga, kubima itiro, n’ugukoresha uburyo butuma bumva, umenga bariko basoma nturi.

Mu gusohora iyo raporo, Senateri, Dianne Feinstein, ayoboye umurwi wa Sena ujejwe iperereza, yatangaje kw’abantu bari bapfunzwe n’ibiro C-I-A, bafashwe bunyamaswa.

Avuga kw’iyo raporo yerekana kw’ivyakozwe n’ibiro C-I-A, haraheze imyaka cumi, vyacafuje imico iranga Amerika, n’amateka y’igihugu.

Prezida wa Amerika, Barack Obama, yatangaje kw’uburyo bukabije, bwakoreshejwe n’ibiro C-I-A, bidateye kubiri n’imico iranga Amerika gusa, kw’ubwo buryo ataco bwafashije, mu twigoro twa Amerika, tw’ukurwanya iterabwoba, hamwe n’inyungu zijanye n’umutekano w’igihugu.

Prezida, Obama, yatangaje kw’ariko akora, kugira abone ko uburyo nkubwo, budasubiye gukoreshwa.

XS
SM
MD
LG