Uko wahagera

Umwihevyi, Yarishe Abantu Batatu, ku Murwa Mukuru wa Somalia


Somalia kw'ikarata
Somalia kw'ikarata

Umwihevyi yari afise bombe, mu modoka yateye imodoka z’ishirahamwe mpuzamakungu, O-N-U, ku murwa mukuru wa Somalia, Mogadisho, yica abantu batatu, canke barenga, abandi indwi barakomereka.

Ico gitero, cabaye, ku musi wa gatatu, cabereye hafi y’ikibuga c’indege mpuzamakungu, co ku murwa mukuru, Mogadisho, gikingiwe cane, kirimwo ama ambassade, n’ikibanza c’ishirahamwe O-N-U.

Umuvugizi w’ishirahamwe O-N-U, amenyesha kw’ata bakozi ba O-N-U bakomeretse, canke ngo bahasige ubuzima, muri ico gitero.

Umurwi, al-Shabab, wiyitiriye ico gitero, mu kumenyesha mw’itangazo, kw’abarwanyi bawo bagize igitero, ku modoka z’abacangero, b’abanyamahanga, n'abo bakorana bataye idini rya Islamu.

Umujrwi al-Shabab, waratakaje ibice bitari bike, muri Somalia, ku nteko z’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika, yamara uwo murwi waragize ibitero bitari bike vy’amabombe, ku murwa mukuru wa Somalia, Mogadisho, mu myaka irangiye.

XS
SM
MD
LG