Pezida, Ellen Johnson Sirleaf, yatangaje kw’urugamba rw’ukurwanya ikiza ca Ebola rutarangiye, kw’ingingo zimwe zimwe zizogumaho.
Uwo muforoma yapfuye, mu masaha akuze yo ku musi wa kabiri, abaye umuntu agira kabiri, mu gihugu ca Mali, yemejwe kuba ahitanywe n’indwara ya Ebola.
Bahitanywe na bombe yaturikiye, ku wa gatanu, mu gisagara ca Azare, mu ntara ya Bauchi, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria..
Ayo matora yerekeye ibibanza vyose, uko ari amajana ane na mirongo itatu na bitanu, vyo mu nama nshingamateka, n’ica gatatu c’ibibanza ijana, vyo mu nama nkenguzamateka.
Aho prezida wa Burkina Faso, Blaise Compaore, ari ntihazwi, inyuma yuko umugumuko wadutse, uno musi ku wa kane, mu gitondo, ku murwa mukuru, Ouagadougou.
Uwo murwayi, n'umwana w’umukobwa w’imyaka ibiri, yazanywe mu bitaro, avanywe mu gihugu kibanyi ca Malawi, ca Guinee
Michael Zehaf-Bibeau, n’umuntu yikekwa mu kurasa, kwabereye mu nyubakwa y’inama nshingamateka, y’igihugu ca Canada, no mu micungararo y’iyo nyubakwa.
Igipolisi c’igihugu ca Israel, kivuga kw’ico ari igikorwa c’iterabwoba.
Abo bantu boba bavuye mu bihugu vya Guinee, Liberia na Sierra Leone, ibihugu aho indwara ya Ebola yatse indaro.
Umucamanza, Thokozile Masipa, yaciriye Pistorius, umunyororo w’imyaka itanu, akaba yajanywe n’igipolisi, mw’ibohero rya Kgosi Mampuru.
Inama nshsingamateka y’ishirahamwe ry’I Bulaya yahisemwo, ata numwe avuyemwo, Docteur Denis Mukwege, kuvyo yise urugamba rwiwe rw’ugukingira abapfasoni.
Uwariwe wese yagiye muri ivyo bihugu bibiri, ategerezwa gushikiriza amakuru yerekeye amagara yiwe, abategetsi b’u Rwanda, mu kiringo c’imisi mirongo ibiri n’umwe ya mbere, azoba amaze mu gihugu.
Uwuserukira ishirahamwe O-M-S, Rui Gama, yatangaje, ku musi wa mbere kw’iyo ari inkuru ikomeye cane.
Ivyo vyatangajwe, ku musi wa mbere, n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’igihugu c’Ubugiriki, Mevlut Cavusoglu
Ibirori vy’ukwibuka iyo myaka mirongo itanu n’itatu irangiye, vyabereye mu gihugu cose c’Uburundi.
Ambassade ya Amerika, muri Uganda, iriko ikorana n’abategetsi b’igihugu ca Uganda, bariko batohoza ibisa n’itegurwa ry’igitero cimirije, ririko rigirwa n’umurwi w’iterabwoba, wo muri Somalia, ukoreshwa na al-Shabab.
Umurwi Islamic State, warasohoye video y’iminuta ibiri n’igice, yerekana David Haines, bariko bamuca umutwe.
Ifatwa ry'igisagara ca Bama, vyaravyuye impungenge, kw'abarwanyi b'umurwi Boko Haram, bashobora gufata umurwa mukuru w'intara ya Borno, Maiduguri
Voma ibindi