Umurwi w’iterabwoba, Islamic State umenyesha ko wishe umugiraneza w’Umwongereza, David Haines.
Umurwi Islamic State warasohoye video y’iminuta ibiri n’igice yerekana Haines, bariko bamuca umutwe. Haines afise imyaka 44, yanyurujwe mu mwaka uheze, imisi itatu inyuma yuko ashitse, mu gihugu ca Syria. gukorera ishirahamwe mpuzamakungu ry’abagiraneza.
Video yerekeye igandagurwa rya Haines, yasohowe gatoyi inyuma yuko umuryango wiwe usavye abamugize imbohe kuvugana nabo.
Muri iyo Video, Uwamuciye umutwe, yari yihishije mu maso, yagirije umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubwongereza, David Cameron, kuba yifatanije na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, mu mugambi w’ukurwanya umurwi Islamic State.
Uwishe Haines, yaragabishije kw’ingingo ny’Ubwongereza izotuma Abongereza baja mu yindi ngwano batazotsinda, kandi izosesa amaraso.