Uko wahagera

Amatora Akomeye y'Abashingamateka, Ariko Araba Muri Amerika


Ikara y'ihiganwa amu matora ya Senat ya Amerika
Ikara y'ihiganwa amu matora ya Senat ya Amerika

Abanyamerika mu gihugu cose bariko baratora, mu bizokwerekana nimba aba Demokrate canke aba Repubika, aribo bazoyobora inama nshingamateka, n’inama nkenguzamateka ya Amerika, mu kiringo c’imyaka ibiri ya prezida Barack Obama, mu mabanga yiwe y’ukuyobora Amerika.

Ayo matora yerekeye ibibanza vyose uko ari amajana ane na mirongo itatu na bitanu, vyo mu nama nshingamateka, n’ica gatatu c’ibibanza ijana, vyo mu nama nkenguzamateka.

Inama nkenguzamateka niyo ishimikiweko cane, aho abahinga mu vya politike, bavuga kw’Abarepublika biteguriye gutsindira ibibanza bitandatu bikenewe, kugira begenzure inama nkenguzamateka, muri iki gihe igenzurwa n’umugambwe w’aba Demokrate, wa prezida Obama, ufise muri iki gihe ibibanza mirongo itanu na bitanu.

Mu gihe urugero rw’ukwizigirwa, kwa prezida Obama, ruri ku bice mirongo ine kw’ijana, aba Republika bafise amahirwe, mu ntara zitari nke Obama yatsinzwemwo, haraheze imyaka ibiri, naho yatsindiye kuyobora Amerika, mu kiringo kigira kabiri.

Prezida Obama ntariko aritoza, yamara imigambi yiwe niyo iriko ifatirwako, muri mu matora y’uno musi ku wa kabiri.

Aba Republika, barondeye kwomekera kuba demokrate, ukutizigirwa kawa prezida Obama.

Vyitezwe kw’aba Republika bagumana, canke bongereza ibibanza 233 basanganywe, mu nama nshingamateka.

XS
SM
MD
LG