Uko wahagera

Umunyapalestina w'Umwiyahuzi i Yeruzalemu


Akarere ka Israeal n'Abanya Palestina
Akarere ka Israeal n'Abanya Palestina

Umudereva w’umunya Palestina yarishe uruhinja, akomeretsa abantu umunani, igihe yiroha n’imodoka yiwe, mu bantu bari mu kibanza abantu bafitamwo amatereni, mu gisagara ca Yeruzalemu, ku musi wa gatatu.

Igipolisi c’igihugu ca Israel, kivuga kw’ico ari igikorwa c’iterabwoba.

Abapolisi bararashe, bakomeretsa umudereva w’iyo modoka, igihe yagerageza guhunga.

Umuvugizi w’igipolisi, avuga kw’uwo mudereva aba mu gice co mu buseruko bw’igisagara ca Yeruzalemu, yapfunzwe muri kahise yagirizwa iterabwoba.

Icabona kimenyesha kw’uwo mudereva yaje agana iyo bari, mu modoka yiwe anyaruka cane, hanze ya station y’itereni. Yishe uruhinja, rumaze amezi atatu, akomeretsa abandi umunani.

Umushikiranganaji wa mbere w’igihugu ca Israel, Benjamain Netanyahau, yagiriza prezida w’ubutegetsi bw’abanya Plestina, Mahmoud Abbas, gukokeza abanya Palestina, ngo bagire ibitero ku Bayahudi, mu gisagara ca Yeruzalemu.

XS
SM
MD
LG