Itangazo rya prezida wa Amerika, Barack Obama, rimenyesha kw'inyifato y'igihugu c'Uburusiya, iciye kubiri n'amategeko
Prezida Obama, yavuze kw'ico bashaka gushikako gitomoye, ngo n'ugusenya umurwi Islamic State, biciye mu gikorwa gikomeye c'ukurwanya iterabwoba.
Ishirahamwe, Bill and Linda Foundation, rimenyesha kandi ko rizokorana n'abandi, kugira binyarutse gushiraho uburyo bw'ukuvura, incandago, n'uburyo bw'ugupima, kugira bashobore kuvura neza, n'ugutuma ikiza ca Ebola, kidatera gikwiragira.
Prezidawa Ukraine, Petro Poroshenko, yavuze ko yaronse amakuru y'iperereza, avuga kw'ibice mirongo irindwi kw'ijana vy'inteko z'Uburusiya, zari zinjiye ku butaka bwa Ukraine, kurwana ku ruhande rw'abashaka kwiyonkora kuri Ukraine, bashigikiye Uburusizya, zasubiye mu Burusiya
Ibiharuro vya nyuma vyashikirijwe n'ishirahamwe, O-M-S, ku musi wa kabiri, vyerekana kw'abantu bagera, ku bihumbi bine n'amajana atatu, bafise Ebola batangajwe, mu bihugu bitanu vyo muri Afrika yo mu burengero.
Vladimir Putin, yemeje kw'Uburusiya bwiteguriye kubandanya gushira imbere, ivyerekeye gutorerera inyishu ingwano, mu gihugu ca Ukraine, biciye mu mahoro.
Prezida Obama, aremera kw'ikibazo c'umurwi Islamic State, ari ikibazo cerekeye umutekano w'igihugu, gitegerezwa gushimikirwa ko cane.
Prezida Zuma, yaragirishije inama idasanzwe, mu ndwi iheze, aho yahagarikiye amasezerano agenewe guhwamika uruhagarara rwa politike, mu gihugu ca Lesotho.
Reta iyobowe n'umushikiranganji wa mbere, Haider al-Abadi, irimwo aba Shi'ite, aba Sunni batari intagondwa, n'aba Kurde irakenewe cane, mu gikorwa c'ugusenya umurwi Islamic State
Icegera c'umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika ajejwe ibibazo vyerekeye akarere ka Afrika, Linda Thomas-Greenfield, yatangaje kw'ibitero vy'umurwi Boko Haram, bitera bikomera, kandi biba kenshi kurushiriza, bigeramiye bikomeye umutekano, muri rusangi, w'igihugu ca Nigeria.
Ishirahamwe O-M-S, rivuga ko bizotwara imiliyoni amajana atandatu y'amadolari, mu rugamba rw'ukurwanya ikiza ca Ebola.
Prezida Obama yashitse mu kibanza ca gisirikare, mu Bwongereza, ku muhingamo, ku musi wa gatatu, inyuma y'ibiganiro, ku murwa mukuru w'igihugu ca Estonia, n'abakuru b'ibihugu vya Estonia, Lettonia na Lithuania.
Prezida Putin, yatangaje ko bumvikana muri rusangi na prezida w'igihugu ca Ukraine, Petro Poroshenko, ku mugambi werekeye agahengwe, mu buseruko bwa Ukraine
Prezida Obama aza kugirisha umusi wose w'ibiganiro, uno musi ku wa gatatu, ku murwa mukuru w'igihugu ca Estonia, n'abaprezida b'ibihugu vya Estonia, Lettonia na Lithuania
Abategetsi b'ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Amerika, bavuga ko hakiri kare, kugira bavuge ku vyavuye, mu gitero co ku musi wa mbere.
Umurwi Islamic State, umenyesha kw'iyicwa rya Steven Sotloff, ar'ukwihora ku bitero vy'indege za gisirikare za Amerika, kuriwo ,mu gihugu ca Iraki.
Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Lesotho, Thomas Thabane, yahunze igihugu ca Lesotho, ku musi wa gatandatu w'indwi irangiye, imbere yuko abasirikare bakikuza inyubakwa yiwe, n'inyubakwa y'umutegetsi mukuru w'igipolisi
al-Maliki, yaragendeye igisagara giherutse guhabuzwa na Amirli, ku musi wa mbere, akaba yemeye guha impera inteko z'igihugu ca Iraki, zasubiye kwigarurira ico gisagara.
Incuro ya mbere y'ibiganiro yarangiye, ku musi wa mbere, ata ntambwe ziboneka zishitsweko.
Umuvugizi w’igihugu ca Ukraine, yavuze ko vya muzinga vyakoreshejwe , kw’ubwo bwato bwononekaye.
Voma ibindi