Uko wahagera

Abarwanya Ubutegetsi Bararashe, ku Bwato bwa Ukraine, mu mazi.


Abategetsi b'ishirahamwe ry'ibihugu vy'i Bulaya bakoraniye i Bruxelles, mu gihugu c'Ububiligi.
Abategetsi b'ishirahamwe ry'ibihugu vy'i Bulaya bakoraniye i Bruxelles, mu gihugu c'Ububiligi.

Abashaka kwiyonkora, ku gihugu ca Ukraine, bashigikiye Uburusiya, bararashe ku bwato bw’igihugu ca Ukraine, bwariko bugira patrouille, mu gice c’ibahari ca Azov.

Umuvugizi w’igihugu ca Ukraine, yavuze ko vya muzinga vyakoreshejwe, kw’ubwo bwato bwononekaye. Nta makuru ahari, ku kugene bwononekaye, canke nimba har'abakomeretse, canke abahasize ubuzima.

Yamara uwahoze ari umutegetsi akomeye w’umusirikare w’abashaka kwiyonkora kuri Ukraine, avuga kw'ariryo rya mbere, Reta ya Ukraine itsinzwe, mu rugamba rubereye, mu mazi.

Prezida w’igihugu c’Uburusiya, Vladimir Putin, yasavye ibiganiro bidatevye, kw’ishirwaho rya Reta yigenga, mu bumanuko bushira ubuseruko, bw’igihugu ca Ukraine.

Prezida Putin, yavuze kuri televiziyo, ku musi w’Imana, kw’ingingo nkiyo ikenewe kugira bikingire inyungu z’abanyagihugu baba muri ako karere.

Gushika ubu, abategetsi b’igihugu c’Uburusiya, bari basavye iyongerezwa ry’ubwigenge, yamara bugereranye, mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Ukraine.

Abategetsi b’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya, mu nama I Bruxelles, batangaje ko basavye urwego nyobozi rw’iryo shirahamwe, urutonde rw’ingingo nshasha z’ugufatira igihugu c’Uburusiya, hamwe kitohindura inyifato yaco, mu gihugu ca Ukraine.

Itangazo ry’abategetsi b’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya, risaba Uburusiya gukura budatevye, ibikoresho vyabwo vyose vya gisirikare, n’inteko zose zabwo muri Ukraine. Naho hari ibimenyetso bigaragara, Uburusiya buvuga kw'ata nteko bufise, muri Ukraine.

.

XS
SM
MD
LG