Uko wahagera

Igitigiri c'Abamaze Guhitanwa na Ebola, Ciyongeyeko Amajana Abiri, mu Misi Ine Yonyene.


Ambulance itwaye Umunyamerika yanduye indwara ya Ebola mu karere ko muri Afrika yo mu burengero ajanywe mu bitaro vyo kuri kaminuza Emory mu gisagara ca Atlanta, mu ntara ya Georgia
Ambulance itwaye Umunyamerika yanduye indwara ya Ebola mu karere ko muri Afrika yo mu burengero ajanywe mu bitaro vyo kuri kaminuza Emory mu gisagara ca Atlanta, mu ntara ya Georgia

Igitigiri c'abapfuye bahitanywe n'ikiza ca Ebola, mu karere ko muri Afrika yo mu burengero, kimaze gushika ku bantu ibihumbi bibiri n'amajana abiri na mirongo icenda na batandatu, ico gitigiri kikaba ciyongeyeko abantu amajana abiri mu misi ine yonyene.

Ibiharuro vya nyuma, vyashikirijwe n'ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi, O-M-S, ku musi wa kabiri, vyerekana kw'abantu bagera ku bihumbi bine n'amajana atatu, bafise Ebola batangajwe, mu bihugu bitanu, vyo muri Afrika yo mu burengero.

Musi gatoyi y'igice c'abo bantu bose bafise Ebola, canke bahitanywe n'ico kiza, bava mu gihugu ca Liberia.

Raporo y'ishirahamwe O-M-S, ku gihugu ca Liberia, yasohotse ku musi wa mbere, yaragabishije kw'igitigiri c'abantu bashasha bafise Ebola, muri Liberia, kiriko ciyongera bikomeye cane, iyo raporo ikaba ivuga bishobora kwiterwa kw'abantu bashasha ibihumbi n'ibihumbi, bashobora kwandura umugera wa Ebola mu ndwi zitatu zimirije.

Ishirahamwe O-M-S, ritangaza ugukwiragira gukomeye kw'iyo ndwara, kubandanya kandi mu bihugu vya Guinee na Sierra Leone.

Muri ico gihe, Umunyamerika agira kane, yanduye umugera wa Ebola, mu karere ko muri Afrika yo mu burengero, yarashitse muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, kugira avurwe.

Uwo munyamerika atatangajwe izina, yajanywe n'indege, ku musi wa kabiri, mu gisagara ca Atlanta, mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, akaba yajanywe, mu bitaro vyo kw'ishule kaminuza ya Emory.

Mu kwezi guheze, ivyo bitaro vyarashoboye kuvura abagira neza babiri b'abanyamerika, bari banduye Ebola, muri Liberia barakira.

Uwundi munyamerika ariko avurwa indwara ya Ebola, mu ntara ya Nebraska.

Aba Docteurs batangaje, ku musi wa kabiri, kw'amagara yiwe ariko amera neza kurushiriza.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zemeye ayandi mafranga, ku musi wa kabiri, ajejwe gufasha urugamba rw'ukurwanya indwara ya Ebola, muri Afrika yo mu burengero.

XS
SM
MD
LG