Uko wahagera

Prezida wa Amerika, Barack Obama Ari mu Bwongereza mu Nama y'Ishirahamwe O-T-A-N.


Prezida wa Amerika, Barack Obama ashitse mu Bwongereza mu nama y'ishirahamwe O-T-A-N
Prezida wa Amerika, Barack Obama ashitse mu Bwongereza mu nama y'ishirahamwe O-T-A-N

Prezida wa Amerika, Barack Obama, ari mu gihugu c'Ubwongereza, mu nama y'imisi ibiri ,y'ishirahamwe rijejwe kwivuna abansi ry'ibihugu vyo mu buraruko bw'ibahari Atlantike, O-T-A-N, vyitezwe kw'ishimira ku ngwano, mu gihugu ca Ukraine, n'ikibazo c'intagondwa z'aba Islamu, muri Syria na Iraki.


Prezida Obama, yashitse mu kibanza ca gisirikare mu Bwongereza, ku muhingamo wo ku musi wa gatatu, inyuma y'ibiganiro, ku murwa mukuru w'igihugu ca Estonia, n'abakuru b'ibihugu vya Estonia, Lettonia na Lithuania.


Avugira ku murwa mukuru wa Estonia, Tallinn, prezida Obama, yariyamirije uruhara rw'igihugu c'Uburusiya, mu ngwano, mu gihugu ca Ukraine, mu kuvuga kw'ar'ukurenga ku bwigenge bw'igihugu ca Ukraine, akaba yarondeye guhumuriza abategetsi b'ibihugu vyo mu karere ka Baltique, kw'ishirahamwe O-T-A-N, rizobakungira agasomborotso akariko kose, k'igihugu c'Uburusiya.


Ivyo bihugu bitatu vyo mu karere ka Balique, Estonia, Lettonia na Lithuania ,vyinjiye mw'ishirahamwe O-T-A-N, mu mwaka w'2004.


Prezida Obama, yaratangaje kandi imigambi y'ukurungika izindi ndege z'ingwano, mu karere ka Baltique.

XS
SM
MD
LG