Uko wahagera

Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, Yariyemeje, ku Vyerekeye Amahoro, muri Ukraine


Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin
Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin

Prezida w'igihugu c'Uburusiya, Vladimir Putin, yatangaje, ku musi wa kabiri, ko yiyemeje, ku vyerekeye gutorera inyishu iciye mu mahoro, uruhagarara ruri mu gihugu ca Ukraine, mu gihe Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zatangaje ko ziriko ziraheraheza ingingo zigenewe kwagura ibihano, ku gihugu c'Uburusiya, ku ruhara rwaco, mu gihugu ca Ukraine.

Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, avurwa ko yavuganye kw'itelefone na prezida w'igihugu ca Ukraine, Petro Poroshenko, kw'abo bategetsi babiri bashimikiye, ku gukomeza amasezerano y'uguhagarika ingwano, yashitsweko ku musi wa gatanu w'indwi iheze, hagati y'abategetsi b'igihugu ca Ukraine, n'abashaka kwiyonkora kuri Ukraine, bashigikiye Uburusiya.

Amakuru atangazwa avuga ko prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, yemeje kw'Uburusiya bwiteguriye kubandanya gushira imbere ivyerekeye gutorera inyishu ingwano, mu gihugu ca Ukraine, biciye mu mahoro.

Muri ico gihe, Umuvugizi w'ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika, Marie Harf, yatangaje, ku musi wa kabiri, kw'abategetsi ba Reta ya Amerika bariko baraheraheza ingingo, zigenewe gukomeza, n'ukwagura ibihano, bigenewe ibisata vy'amasoko ntanganguvu, amafranga, n'ukwivuna abansi, vy'igihugu c'Uburusiya. Yamenyesheje kw'ingingo yerekeye ivyo bihano izofatira, ku kugene ibintu bizoba vyifashe, muri Ukraine, mu kiringo c'imisi mikeyi iri imbere.

Abaserukira ishirahamwe ry'ibihugu vy'i Bulaya, baraza kwiyura ibindi bihano, ku Burusiya, mu nama iza kubera i Bruxelles, mu Bubiligi, uno musi ku wa gatatu.

Abategetsi mu Burusiya, no mu gihugu ca Ukraine, batangaje, ku musi wa kabiri, kw'amasezerano y'uguhagarika ingwano hagati ya Reta y'igihugu ca Ukraine, n'abashaka kwiyonkora kuri Ukraine, bashigikiye Uburusiya, ariko arubahirizwa muri rusangi.

Muri ico gihe, izo mpande zibiri zitanga insiguro zitandukanye, ku co amasezerano zateyeko igikumu, mu ndwi iheze avuze, ku vyerekeye kazoza k'ubuseruko bw'igihugu ca Ukraine.

XS
SM
MD
LG