Uko wahagera

Rwanda: Gusuzuma Ebola Abantu Bavuye muri Amerika na Espagne


Ikarata y'Urwanda
Ikarata y'Urwanda

Igihugu c’Urwanda categetse abantu bavuye muri Amerika na Espagne, gushikiriza imisi yose, amakuru ajanye n’amagara yabo abategetsi bajejwe ubuvuzi, bakoresheje telephon,e kubera indwara ya Ebola.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, na Espagne nivyo bihugu bibiri, hanze y’akarere ka Afrika, vyatangaje abantu banduye Ebola.

Uwariwe wese yagiye muri ivyo bihugu bibiri, ategerezwa gushikiriza amakuru yerekeye amagara yiwe, abategetsi b’Urwanda, mu kiringo c’imisi mirongo ibiri n’umwe ya mbere, azoba amaze mu gihugu.

Nta Ebola, iri mu gihugu c’Urwanda, muri iki gihe, ico gihugu kikaba gishaka kw’ibintu biguma gutyo.

Urwanda ruza rwaraziririje abantu baje bava mu bihugu vya Guinee, Liberia na Sierra Leone, ibihugu bigeramiwe n’ikiza ca Ebola. Abantu bavuye mu gihugu ca Senegal, cigeze gutangaza umuntu umwe yari afise Ebola, nabo nyene baraziririjwe kuza mu Rwanda

XS
SM
MD
LG