Uko wahagera

Umurwi Boko Haram, Niwo Ugenzura Igisagara ca Bama, muri Nigeria


Intara ya Borno kw'ikarata na Nigeria
Intara ya Borno kw'ikarata na Nigeria

Abategetsi mu gisagara ca Bama, mu gihugu ca Nigeria bariyamirije ivyatangajwe na Reta ya Nigeria, vy'uko inteko za Reta zasubiye kwigarurira ico gisagara, cari cafashwe n'abarwanyi b'umurwi Boko Haram.

Umuyobozi mukuru w'ishirahamwe rijejwe iterambere mu ntara ya Bama, Muhammed Hussan, yabwiye abamenyeshamakuru, ku musi wa kane, kw'igisagara ca Bama, kikiri mu minwe y'umurwi Boko Haram, kandi kw'ababa muri ico gisagara, bakeneye gufashwa vyihutirwa cane.

Muhammed Hussan, yasavye Reta ya Nigeria kunyarutsa ingingo zigenewe gukura igisagara ca Bama, mu minwe y'iterabwoba.

Umurwi Boko Haram, wateye igisagara ca Bama, mu gitondo co kw'italiki imwe y'ukwezi kw'icenda. Igisirikare ca Reta cari catangaje ko cigijeyo abarwanyi b'umurwi Boko Haram, yamara ababa muri ico gisagara batangaje kw'abarwanyi b'umurwi Boko Haram, baruhiye kurusha inguvu inteko za Reta barata ico gisagara.

Ifatwa ry'igisagara ca Bama, ku bilometero mirongo irindwi gusa, mu bumanuko bushira ubuserurko bw'umurwa mukuru w'intara ya Borno, Maiduguri, vyaravyuye impungenge, kw'abarwanyi b'umurwi Boko Haram, bashobora gufata uwo murwa mukuru.

Hari amakuru mu ntango z'iyi ndwi yatengaza kw'ibitero vy'indege z'ingwano za Reta, vyatujije abarwanyi b'umurwi Boko Haram, mu gisagara ca Bama.

Yamara umuyobozi wa komite y'abantu bavuye mu vyabo, mu ntara ya Borno, Alhaji Jidda Shuwa, yatangaje kw'ayo makuru adasa nuko ar'ay'ukuri.

XS
SM
MD
LG