Uko wahagera

Uganda Iri Magabo, ku Gitero c'Iterabwoba Gishobora Kuba


Abarwanyi b'umurwi al-Shabab
Abarwanyi b'umurwi al-Shabab

Ambassade ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu gihugu ca Uganda, yaragabishije Abanyamerika, muri ico gihugu, kuguma mu ngo zabo, canke mu bibanza birimwo umutekanob mu gihe abategetsi bariko batohoza ibishobora kuba igitero c’iterabwoba.

Ambassade ya Amerika, muri Uganda, iriko ikorana n’abategetsi b’igihugu ca Uganda, bariko batohoza ibisa n’itegurwa ry’igitero cimirije, ririko rigirwa n’umurwi w’abagira iterabwoba, bakoreshwa n’umurwi w’iterabwoba, wo muri Somalia, al-Shabab.

Ambassade ya Amerika i Kampala, yatangaje kw'itari izi aharonderwa muri ico gitero, yamara yamenyesheje kw’umutekano wongerejwe, mu bibanza bikomeye, harimwo ikibuga c’indege mpuzamakungu ca Entebbe.

Umurwi al-Shabab, wariyemeje kwihora kw’iyicwa ry’umuyoyozi wawo, mu gitero c’indege z’ingwano za Amerika, cabaye muri Somalia, mu ntango z’uku kwezi.

XS
SM
MD
LG