Abategetsi mu gihugu ca Mali, bavuga kw’umuforoma yanduye umugera wa Ebola, yapfuye.
Uwo muforoma yapfuye, mu masaha akuze yo ku musi wa kabiri abaye umuntu agira kabir,i mu gihugu ca Mali, yemejwe kuba ahitanywe n’indwara ya Ebola. Umuntu wa mbere yishwe n’iyo ndwara, n’umwana w’umukobwa w’imyaka ibiri, yapfuye mu kwezi guheze.
Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bwamenyeshej,e ku musi wa gatatu, kw’uwo muforoma yakora, mu bitaro ku murwa mukuru w’igihugu ca Mali, Bamako, hakaba hafashwe ingingo kw’ata bantu binjira muri ivyo bitaro.
Abategetsi bavuga kw’uwo muforoma yavuye umuntu bemera ko yapfuye, inyuma yuko yanduye Ebola.
Igihugu ca Mali gihana urubibe n’gbihugu ca Guinee, aho ikiza ca Ebola cadutse, mu mwaka uheze.
Abantu bagera ku bihumbi bitanu barapfuye, bahitanywe na Ebola, benshi muribo, mu bihugu ca Guinee, Liberia na Sierra Leone.