Uko wahagera

Sierra Leone, Yarenganye Liberia, Ku Bijanye n'Igitigiri c'Abantu Bafise Ebola


Umwana ageramiwe na Ebola, muri Sierra Leone
Umwana ageramiwe na Ebola, muri Sierra Leone

Ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, O-M-S, rimenyesha kw’abandi bantu bashasha babandanya kwandura Ebola, mu karere ko muri Afrika yo mu burengero, ishirahamwe O-M-S, rikaba rivuga ko Sierra Leone yarenganye Liberia, nk’igihugu gifise igitigiri kiri hejuru cane, c’abantu banduye Ebola.

Ibiharuro vyashikirijwe, ku musi wa mbere, n’ishirahamwe O-M-S, vyerekana kw’igihugu ca Sierra Leone, gifise abantu ibihumbi indwi n’amajana indwi na mirongo icenda n’umunani bafise Ebola, mu vyerekana ko Ebola ikIriko ikwiragira ningoga cane rwose, muri ico gihugu.

Urugero rw’abandura Ebola ruriko ruragabanuka muri Liberia, aho abafise Ebola bari hejuru gatoyi y’ibihumbi indwi n’amajana indwi.

Abantu baracahitanwa na Ebola, ari benshi, muri Liberria, kurusha mu bindi bihugu bigeramiwe n’ico kiza, muri Afrika yo mu burengero.

Ishirahamwe O-M-S, ryatangaje ko muri rusangi, Ebola yandukiye abantu begera ku bihumbi cumi n’umunani, ihitana abantu ibihumbi bitandatu n’amajana atatu na mirongo ine na batandatu.

Igitigiri kinini c’abanduye Ebola cibonekeje, mu bihugu vya Liberia, Sierra Leone na Guinee.

Mu raporo yayo mu ndwi iheze, ishirahamwe O-M-S, ryamenyesheje kw’abantu babandanya kwandura Ebola, muri Sierra Leone. Igice kigeramiwe bikomeye cane akaba ari umurwa mukuru wa Sierra Leone, Freetown.

Ishirahamwe O-M-S, rivuga kw’ibitigiri biriko bisa n’ibitera bigabanuka, mu bihugu vya Liberia na Guinee.

XS
SM
MD
LG