Uko wahagera

Umwaka w'2014, Wabaye Umwaka Mubi Cane, ku Bana


Impunzi y'umupfasoni w'umunya Syria ari kumwe n'abana biwe.
Impunzi y'umupfasoni w'umunya Syria ari kumwe n'abana biwe.

Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abana, UNICEF, rimenyesha kw’umwaka w’2014 wabaye umwaka mubi cane ku bana, mu gihe abana imiliyoni n’imiliyoni bageramiwe bikomeye.

Umuyobozi w’ishirahamwe UNICEF, Anthony Lake, yatangaje, ku musi wa mbere, kw’abana biciwe mu bitanda vyabo, mu mashule, babaye impfuvyi, banyurujwe n’abasirikare, bafashwe bunyamaswa, bafashwe ku nguvu, baragurishwa kugira bagirwe abashumba.

Anthony Lake, avuga kw’abana batari bwakorerwe ubunyamaswa butagira uko buvurwa nkubwo, mu bihe vya vuba.

Anthony Lake, avuga kw’ingwano, n’ayandi mabi muri Centrafrique, Iraki, Syria, mu ntara z’abanya Palestina, Sudani yo mu bumanuko, na Ukraine, biri mu vyatumye abana bakorerwa ayo mabi.

Yongeye kandi avuga kw’ikiza ca Ebola muri Guinee, Liberia na Sierra Leone, ari ikintu gishasha gishobora kugeramira abana.

Yamara ishirahamwe UNICEF, rivuga ko kubera utwigoro twaryo, n’igikorwa c’ayandi mashirahamwe, habaye umwizero, ku bana muri uyu mwaka.

Harimwo gusubiza mu mashule, abana ibihumbi amajana n’amajana, muri Centrafrique, gukingira abana indwara y’ubukagwe, hakoreshejwe incandago, mu karere k’Abarabu, n’ukuvura ababa bafungura nabi cane, muri Afrika y’epfo.

XS
SM
MD
LG