Uko wahagera

Abantu Batandatu Barapfuye, Mu Bitero vy'Amabombe, muri Somalia


Abihevyi bari bafise amabombe, barateye uburiro, mu gisagara ca Baidoa, muri Somalia, bica abantu batandatu, canke barenga, bakomeretsa abandi batari bake.

Umumenyeshamakuru wa Radiyo Ijwi rya Amerika, Service y’Igisomali, yatangaje kw’umwihevyi yari afise bombe yiturikije, mu buriro, National Bar and Restaurant, ku musi wa gatanu ku muhingamo, mu masaha yo gisagara ca Baidoa.

Uwo mumenyeshamakuru, yamenyesheje kw’umwihevyi agira kabiri yaturikije amabombe, muri ubwo buriro, iminuta cumi gusa inyuma y’igitero ca mbere.

Nta wiyitiriye buno nyene ivyo bitero.

Yamara abantu bikeka umurwi w’abarwanyi al-Shabab, wagize ibitero vy’amabombe nkivyo, mu bibanza mu gihugu ca Somalia, mu kiringo c’imyaka irangiye.

XS
SM
MD
LG