Uko wahagera

Zimbabwe: Igisirikare Casozereye Ibikorwa Vyagondoje Mugabe


Abasirikare ba Zimbabwe

Abategetsi bakuru b’igisirikare muri Zimbabwe, batangaje uno musi ku wa mbere, ko bahejeje igikorwa bari bamazemwo imisi catumye Robert Mugabe yahoze ari Perezida atanga imihoho.

Liyetena Generari Phillip Valero Sibanda, umutegetsi mukuru mu gisirikare ca Zimbabwe, yabwiye abamenyeshamakuru kw’ibintu vyasubiye mu buryo mu gihugu .

Generari Sibanda yakengurukiye abanyazimbabwe kuba barabashigikiye n’ukuba barihanganye mu kiringo c’indwi zitanu ico gikorwa camaze,yongera asaba abanyagihugu kuguma bari magabo mu ntumbero yo kwirinda abatanezerewe bashobora guhungabanya umutekano.

Amabanga ya misi yose y’ugucungera umutekano w'igihugu ca Zimbabwe Yasubijwe mu minwe y'igipolisi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG