Inyuma y’imyaka 37 Robert Mugabe yar’amaze ku butegetsi, igihugu ca Zimbabwe kur’uyu wa gatanu kirashira akaburungu ka nyuma ku ntwaro yiwe, aho hahava himikwa uwugiye kumusubirira.
Emmerson Mnangagwa atagekenya kurahira mu masaha y’imbere ya sasita z’umutaga.
Umugambwe uri ku butegetsi, Zanu-PF, watumiye kuva igihe c’isaha zibiri z’agatondo mu masaha yo muri Zimbabwe, Abanyezimbabwe bo mu mice yose y’igihugu muri Stade ya mbere mu bunini ku murwa mukuru Harare, ifise ivyicaro ibihumbi mirongo itandatu.
Igisirikare cagize uruhara runini kugira Mugabe atange imihoho naco nyene gishikiriza ko kizoba kihari ku bwinshi.
Ibimenyeshamakuru vya reta vyatangaje ko Mugabe ataraja ahabona kuva ku musi w’Imana ashobora kwitaba ivyo birori kandi ashobora kwakiranwa icubahiro
Facebook Forum