Uko wahagera

Perezida Mnangagwa Yakuye Reta muri Zimbabwe


Perezida wa Zimbabwe Emmerson Mnangagwa
Perezida wa Zimbabwe Emmerson Mnangagwa

Umukuru w’igihugu mushasha wa Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa yarahagaritse reta yahahora, aca aha ubushikiranganji bubiri bukomeye abahoze muri reta ya Robert Mugabe. Ivyo vyashikirijwe kur’uyu wa mbere na radiyo na televiziyo vy’igihugu.

Patrick Chinamasa yagenwe kuba umushikiranganji w’ikigega ca reta nawe Simbarashe Mumbengegwi ahabwa imigenderanire n’ayandi makungu, bose bava mu mugambwe Zanu PF uri ku butegetsi kandi bahora muri reta.

Perezida Mnangagwa, kur’uyu wa kabiri yatumyeko inama y’abayobozi bakuru mu bushikiranganji bwose bwahahora, mu kurindira igenwa ry’abandi bashikiranganji.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG