Uko wahagera

FMI Yiteguye Gushigikira Zimbabwe mu Butunzi


Ku cicari ca FMI i Washington muri Reta zunze ubumwe z'Amerika
Ku cicari ca FMI i Washington muri Reta zunze ubumwe z'Amerika

Ikigega mpuzamakungu c’isi, (FMI) catangaje ko citeguye gufasha reta nshasha ya Zimbabwe kugira ico gihugu kive mu bukene burenze kirimwo.

Mu myaka 37 yari amaze atwara wenyene, Robert Mugabe yasize igihugu catabaguritse kandi kitagira n’amafaranga.

Gerry Rice avugira FMI yashikirije kur’uyu wa kane ko bagiye gushigikira Zimbabwe mu kugiha amafaranga reta ikeneye mu bikorwa vya misi yose, no kugifasha guhindura ibitagenda neza mu butunzi.

FMI yasavye n’ibindi Bihugu ku rwego mpuzamakungu gufasha mu bisata bikeneye imfashanyo kugira ico gihugu cisununure muvy’ubutunzi.

Mw’ijambo yashikirije ku musi wa gatanu yimikwa mu mabanga y’umukuru w’igihugu, Emmerson Mnangagwa yemereye abanyagihugu biwe ko agiye kunagura ubutunzi, gutanga ubuzi no gushiraho icuka ciza kizotuma abanyamitahe bahurumbira igihugu.

Mu ntango z’iyi ndwi, yahaye ikiringo c’amezi atatu ntarengwa ku mashirahamwe hamwe n’abikorera ku gatwe kabo kugarukana amafaranga basohokanye hanze y'igihugu bitisunze amategeko.

Mwomenya ko abanyagihugu ba Zimbabwe barenga ibice 90 kw'ijana ata buzi bagira, babeshejweho n’ukwiyungunganya mu buryo bwabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG