Uko wahagera

Mnangagwa Yizeza Iterambere n'Ubumwe ku Banyezimbabwe


Uwimirije kuramutswa Zimbabwe Emmerson Mnangagwa
Uwimirije kuramutswa Zimbabwe Emmerson Mnangagwa

Umusi umwe imbere y’uko arahira mu mabanga y’umukuru w’igihugu, Emmerson Mnangagwa atangaza ko azoshikana abanyagihugu, k’ubumwe n’amajambere.

Ivyo yabishikirije abanyagihugu ejo ku musi wa gatatu, aho yari avuye mu gihugu ca Afurika y'epfo yari yahungiyemwo vy'infatakibanza amaze gukomborwa n'uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Zimbabwe Robert Mugabe.

Mnangagwa yabwiye abanyagihugu ati: Ndasavye abanyagihugu bose bafise umutima wo gukunda igihugu cabo, kuza tugakorera hamwe. Ati “nta muntu n’umwe aruta uwundi, twese turi abanyezimbabwe”

Bitegekanijwe ko Mnangagwa arahira icese nk'umukuru w'igihugu ca Zimbabwe kuir uno wa gatanu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG