Uko wahagera

Emmerson Mnangagwa Yarahiriye Kuba Perezida wa Zimbabwe


Perezida Mushasha wa Zimbabwe Emmerson Mnangagwa na Madamu wiwe Auxillia, kuri uno wa gatanu mu birori vyo kurahira
Perezida Mushasha wa Zimbabwe Emmerson Mnangagwa na Madamu wiwe Auxillia, kuri uno wa gatanu mu birori vyo kurahira

Kuva kuri uno wa gatanu, iguhugu ca Zimbabwe kiramutswa perezida mushasha inyuma y’imyaka 37 yari iheze Robert Mugabe yisangiza ubutegetsi.

Perezida Emmerson Mnangagwa, imbere y'isinzi ry'abitabiriye ibirori vyo kumurahiza mu mabanga yiwe mashasha, yagize ati :"Jewe, Emmerson Dambudzo Mnangagwa, nka perezida wa Zimbabwe nemeye kutazopfa mpemukiye Republika ya Zimbabwe, kubahiriza ibwirizwa nshingiro n’amategeko atandukanye y’igihugu cacu.”

Perezida Emmerson Mnangagwa yarahiriye muri sitade nkuru iri mu gisagara ca Harare. Bamwe mu banyezimbabwe bitabiriye ibirori vy’irahiraryiwe, bagize bati: "Twiteze vyinshi kuri perezida wacu mushasha,twari twaracinyijwe, twari twaratwawe nabi. Harambe abasirikare bacu batuvanyeko intwaro y’igikenye. "

Emmerson Mnangagwa w’imyaka 75, aje ku butegetsi mugihe ubutunzi bwa Zimbabwe bugeze aho umwansi ashaka. Mw'ijambo yashikirije kuri uno wa kane aho yahunguka ava mu gihugu ca Afurika y'epfo, Mnangagwa yijeje iterambere ku banyagihugu agiye kurongora.

Perezida Mnangagwa azayobora Zimbabwe igihe cari gisigaye kuri manda ya Mugabe, yoheze mu kwezi kwa cenda umwaka wa 2018. Inyuma y'ico kiringo,bitegekanijwe ko haca hatunganywa amatora y'umukuru w'igihugu nk'uko bitegekanywa n'ibwirizwa nshingiro rya Zimbabwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG