Uko wahagera

Perezida Mugabe Yatanguye Kuganira na Mnangagwa


Emmerson Mnangagwa, yahoze ar'icegera c'umukuru w'igihugu hamwe na Perezida Robert Mugabe.
Emmerson Mnangagwa, yahoze ar'icegera c'umukuru w'igihugu hamwe na Perezida Robert Mugabe.

Perezida Robert Mugabe wa Zimbabwe ariko aravugana n’icegera ciwe aheruka gukura mu mabanga, Emmerson Mnangagwa, ariko yitegura gutahuka mu gihugu, ivyo vyashikirijwe ku mugoroba wo kur’uyu wa mbere n’umukuru w’ibiro vya gisirikare.

Mw’ijambo yashikirije kuri Televiziyo y’igihugu, Jenerali Constantino Chiwenga yatangaje ko anejerejwe n’uko ibintu biriko bitumbera mu nzira nziza kuva abasirikare bafashe mu minwe igihugu.

Umukuru w’ibiro vya gisirikare yasavye kandi abanyagihugu bagiye mu mabarabara ku musi wa gatandatu basaba ko Robert Mugabe atanga imihoho kuguma batekanye no kwihangana.

Mnangagwa, w’imyaka 75 y’amavuko yakuwe muri reta kw’itariki 6 y’ukwezi kwa cumi na kumwe aca arahunga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG