Robert Mugabe yahoze ari umukuru w’igihugu ca Zimbabwe kumwe n’umutambukanyi wiwe Grace Mugabe, bemerewe kudakurikiranwa muri sentare.
Ivyo biremezwa n’ubuyobozi bw'umugambwe wa ZANU PF uri ku butegetsi muri Zimbabwe. Ivyo vyatangajwe mu nyuma y'ibiganiro Bwana Mugabe yari yagiranye vy’umwumvikano n’abasirikare bakuru bakuru hamwe n’abandi banyepolitike, ku buzima bwiwe inyuma y’imyaka 37 ayobora igihugu.
Mugabe yakuwe mumabanga yiwe kuwa kabiri kw'igenekerezo rya 21 ukwezi kwa cumi na kumwe 2017.
Facebook Forum