Uko wahagera

Zimbabwe: Mnangagwa Aragenwa Kuba Perezida w'Imfatakibanza


Emmerson Mnangagwa yahoze ar'icegera c'umukuru w'igihugu muri Zimbabwe.
Emmerson Mnangagwa yahoze ar'icegera c'umukuru w'igihugu muri Zimbabwe.

Uwahoze ar’icegera c’umukuru w’igihugu muri Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa agiye kugenwa mu mabanga y’umukuru w’igihugu mu kiringo mfatakibanza inyuma y’aho perezida Robert Mugabe atangiye imihoho ejo kwa kabiri. Ivyo vyatangajwe n’umuvugizi w’umugambwe Zanu PF uri ku butegetsi.

Simon Khaya-Moyo, avugira uwo mugambwe yavuze ko umukuru w’inama nshingamateka ya Zimbabwe ashikiriza iryo tangazo kur’uyu wa gatatu.

Avuga kandi ko Mnangagwa, azorahirira ayo mabanga kandi akazorongora Zimbabwe ikiringo c’imisi 90 imbere y’itunganwa ry’amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu mwaka uza.

Mwibuke ko Emmerson Mnangagwa yari yakuwe mu mabanga y’icegera c’umukuru w’igihugu kw’itariki ya 6 y'ukwezi kwa cumi na kumwe na Robert Mugabe. Mu nyuma ku musi w’Imana uheze, umugambwe Zanu-PF uri ku butegetsi umugena kuba umukuru wawo, mu kibanza ca Robert Mugabe.

Emmerson Mnangagwa ico gihe yari mu buhungiro hanze y’igihugu, yahawe amasaha 24 ngo abe yatahutse, nkuko Simon Khaya-Moyo, avugira Zanu PF abivuga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG