Uko wahagera

Emmerson Mnangagwa Yaragenye Abashikiranganji 2 Bakomeye


Emmerson Mnangagwa.
Emmerson Mnangagwa.

Perezida mushasha w’igihugu ca Zimbabwe aherutse gushingwa ayo mabanga Emmerson Mnangagwa, yagenye abasirikare babiri bakuru mu bibanza bikomeye vy’abashikiranganji.

Iyo nkuru yatangajwe ejo ku musi wa kane ku mugoroba na Television y’igihugu.

Abahurikiye mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, bakumiwe mur’iyo reta nshasha igizwe n’abashikiranganji 22.

Ivyo vyatumye akizero ko Mnangagwa ashobora kugena reta ihurikiwemwo na bose kurusha uwo yasubiriye, Robert Mugabe, kazimangana.

Mugabe afise imyaka 92 yatwaye igihugu ca Zimbabwe mu kiringo c’imyaka 37, yatanze imihoho mu ndwi iheze abanje kuremerwa, hamwe n’inyuma y’aho akuriwe ku butegetsi; n’abashingamateka bo mu mugambwe wiwe ZANU- PF bakamukurako icizero.

Subisio Moyo, umujeneral yagiye kuri Television y’igihugu, agatangaza kw’abasirikare bakuye reta kandi ko Mugabe apfungiwe mu nyubakwa iwe, yabaye umushikiranganji ajejwe imigenderanire.

Umusirikare arongoye igisirikare kigwanira mu kirere, Perence Shiri yabaye umushikiranganji w’ubutaka n’uburimyi. Uyo musirikare avugwa kw’ariwe yashira mu ngiro umugambi wa Mugabe ku ntwaro yiwe y’iterabwoba yo kwica isinzi ry’abanyagihugu bo mu bwoko bw’abaNdebele mu ntara ya Matabeleland, iri mu burengero bw’igihugu, aho abasivile ibihumbi 20 bagandaguwe.

Chris Mutsvangwa, umukuru w’ishirahamwe ry’abagwanye mu rugamba, barimwo abagwanyi bafatanije na Mugabe mu kubohoza igihugu, yabaye umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru.

Benshi mur’abo bashikiranganji bahora muri reta ya Mugabe.

Umutegetsi akomeye atavuga rumwe na reta, Morgan Tsvangirai, yabwiye itorokanirizo ry’amakuru, Associate Press kw’ata mishikirano yigeze iba hagati ya reta hamwe n’abatavuga rumwe na yo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG