Uko wahagera

Ebola Ishobora Kuba Yageze muri Kenya


Bamwe mu bavuzi mu bikorwa vyo gukinga Ebola muri Congo
Bamwe mu bavuzi mu bikorwa vyo gukinga Ebola muri Congo

Mu gihugu ca Kenya abaganga bariko barasuzuma umurwayi mu ntara yo mu burengero afise ibimenyetso vy’ingwara ya Ebola. Ayo makuru atangajwe inyuma muri Uganda ico kiza cahitanye babiri mu ndwi iheze.

Umurwayi ariko asuzumirwa muri Kenya ni umupfasoni. Amakuru atangwa n'ibitaro vyo mu karere ka Kericho avuga ko yashizwe mu kibanza ca wenyene.

Uyo mupfasoni yari yagendeye umutambukanyi wiwe ku rubibe igihugu ca Kenya gihana n’igihugu ca Uganda, ari kumwe n’abandi bantu batatu bo mu muryango wiwe. Mur’iki gihe nabo nyene bariko barakwirikiranirwa hafi, nk’uko amakuru atangwa n’ivyo bitaro, abivuga.

Ivyavuye mu bipimo vyakozwe kuri uyo mupfasoni bizomenyekana mu masaha ari hagati ya 12 na 24.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG