Uko wahagera

Ebola Yahitanye Umwana muri Uganda Babiri Bandi Barayandura


Bamwe mu baganga mu bikorwa vyo gupompa bakinga Ebola
Bamwe mu baganga mu bikorwa vyo gupompa bakinga Ebola

Umwana w’umuhungu w’imyaka itanu wo mu gihugu ca Uganda yari arwaye indwara ya Ebola yitavye Imana. Abaye umuntu wa mbere vyibonekeje ko afise Ebola mu karere ka Afurika y'ubuseruko kuva ico kiza cadutse muri Republika iharanira Demokrasi ya Kongo, ihana urubibe na Uganda hareheze umwaka.

Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu muri Uganda, Dr. Jane Ruth Aceng, yemeje ayo makuru yavuze ko uwo mwana yari yajanywe mu bitaro vya Kagando mu burengero bw’igihugu.

Nyakwigendera n'umuryango wiwe binjiye muri Uganda bavuye muri Republika iharanira Demokrasi ya Kongo ku musi wa mbere.

Aceng avuga ko abategetsi ba Reta ya Uganda bemeje ko abandi bantu babiri banduye Ebola. Yasavye abanya Uganda gukorana n’abategetsi bajejwe amagara y’abantu mu ntumbero y’ugutuma Ebola idakwiragira mu bindi bice vy’igihugu.

Ishirahamwe OMS rivuga ko Ebola imaze guhitana abantu bagera ku 1.400 mu karere kuva mu kwezi kw’umunani kw’umwaka uheze w’i 2018.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG