Uko wahagera

ONU Isaba Tshisekedi Gushinga Reta Vyihuta


Inama ya ONU ijejwe amahoro n'umutekano
Inama ya ONU ijejwe amahoro n'umutekano

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryasavye perezida Felix Tshisekedi wa Republika iharanira demokarasi ya Congo gushinga reta bidatevye, mu gihe ico gihugu kibandanya kuba mu mahoro inyuma y’ibisikanya ku butegetsi ryabaye mu mahoro kuva ico gihugu cikukiye hahareze imyaka ishika 60.

Leila Zerrougui arongoye ibikorwa vya ONU muri Congo yabibwiye akanama ka ONU kajejwe umutekano kuri uyu wa mbere.

Zerrougui yavuze ko ibiganiro bitumbereye gushinga reta nshasha biriko biraba hagati y’urunani Front Commun pour le Congo (FCC), rwatahukanye intebe nyinshi mu matora y’abashingamateka n’abarongoye intara, hamwe n’urunani Coalition pour le Changement rwashigikiye kandidatire ya Tshisekedi.

Hagat’aho, igihugu gihanzwe n’indyane hagati y’amoko hamwe n’ikiza ca Ebola mu ntara ya Beni.

Ambasaderi wa Congo muri ONU Ignace Gata Mavita wa Lufuta yabwiye ako kanama ko perezida arajwe ishinga n’umutekano uhungabana mu gihugu, agasaba ONU gufatanya n’abasirikare b’igihugu mu gutuza imihari yitwaje ibirwanisho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG