Uko wahagera

OMS: Mu Mezi Atandatu nta Ebola Izovugwa muri RDC


Abakozi ba Croix Rouge mu gace kafashwe na Ebola ku rubibe Ubuganda buhana n'intara ya Beni, RDC, italiki 02/11/2018.

Umuyobozi w’igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cita ku magara y’abantu, OMS, avuga ko ikiza ca Ebola mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo gishobora gusezererwa burundu mu mezi atandatu, mu gihe vyose vyogenda nkuko bitegekanijwe. Ibiharuro vya nyuma vyashikirijwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu vyavuga ko abantu 927 aribo banduye, muri bo 584 barapfa.

Amakuru Ijwi ry’Amerika rikesha umumenyeshamakuru waryo i Geneve ku cicaro ca OMS, Lisa Schlein avuga ko umuyobozi wa OMS Tedros Adhanom Ghebreyesus, yemeza ko utwigoro twakozwe twerekana ko ico kiza kizoba carangiye mu mezi atandatu mu ntara za Kivu yo mu buraruko na Ituri.

Avuga kandi ko Ebola ata bantu bashasha icandukira mu bisagara vya Beni, Mangina, Komanda, na Oicha muri Kivu y’uburaruko.

Tedros ariko avuga ko umutekano ari co kintu ca mbere kigiteye amakenga, mu gihe imihari yitwaje ibirwanisho ikibandanya ihungabanya umutekano mu bisagara vya Katwa na Butembo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG