Uko wahagera

Urucanco Rurama rwa Ebola Rwoba Rwimirije Kuboneka


Abakozi b'abaganga batwaye umwana bibaza ko yishwe na Ebola muri Beni, mu uraruko bw'intara ya Kivu y'uburaruko, Irariki 15/12/2018.

Abashakashatsi b’abanyamerika bariko bararondera urucanco rushasha kandi rurama rw’umugera utera Ebola. Ni mu gihe abantu barenga 700 barwaye, abarenga 400 barapfa muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo. Ibihugu bibanyi, Sudani yo mu bumanuko na Uganda bariko barafata ingingo zo gukinga ico kiza ntikibinjirane.

Dr. Paul Spearman, arongoye akagwi kari muri ubwo bushakashatsi ku bitaro vy’abana vyo mu gisagara ca Cincinnati muri reta ya Ohio, avuga ko mu gihe vyogaragara urwo rucanco rukora, rushobora kuzokoreshwa aho hose ico kiza kizokwaduka mu bihugu vya Afrika.

Ni mu gihe hari urundi rucanco rusanzwe ruriko rurakoreshwa mu gihugu ca Kongo. Abo bahinga bashikiriza ko bafise icizere ko mu gihe boronka urucanco rurama, bazoba baranduranye n’imizi Ebola muri Afrika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG