Abantu bitwaje ibirwanisho barateye ikigo kivura abanduye umugera wa Ebola mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo ejo ku musi wa gatatu, baragiturira imbere yo gutana mu mitwe n’abajejwe umutekano, ivyo vyashikirijwe n’abategetsi mu gisata c’amagara y’abantu. Aya makuru yashikirijwe n'itororokanirizo ry'amakuru ry'Abongereza, Reuters.
Ibiranga abo barwanyi hamwe n’imvo yatumye babikora ntibiramenyekana.
Umushikiranganji w’amagara y’abantu yavuze ko abarwayi 38 bakekwa kuba baranduye Ebola hamwe n’abandi 12 batowe uwo mugera bari muri ico kigo igihe ico gitero caba. Yavuze ko bane muri abo banduye bahunze kandi baracaronderwa.
Nta n’umwe muri abo barwayi canke mu bakozi yakomeretse, nkuko vyashikirijwe n’uwo mushikiranganji.
Ishirahamwe ry’abafaransa ry’abaganga batagira imbibe, MSF, rirongoye ico kigo rifatanije n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu baraneguye ico gitero.
Ico gitero cabereye mu gisagara ca Butembo kigize kabiri muri iyi ndwi kibaye mu karere ko mu buseruko kavugwamwo Ebola.
Facebook Forum