Uko wahagera

Ikigo Kivura Ebola muri Congo Casubiye Guterwa


Ikigo cari caraturiwe mu kwa kabiri
Ikigo cari caraturiwe mu kwa kabiri

Abategetsi muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo bavuga ko ikibanza abantu bavurirwamwo indwara ya Ebola mu buseruko bw’igihugu casubiye guterwa.

Umukuru w’igisagara ca Butembo, Sylvain Kanyamanda yatangaje uno musi ku wa mbere ko umwe mu bateye ico kibanza kiri ahitwa Katwa yishwe mw’ijoro ryashiriye uno musi ku wa mbere.

Abantu babiri bariko bavurwa Ebola nabo nyene barapfuye inyuma yuko abaforoma bose bahunze ico kibanza abarwaye Ebola bariko bavurirwamwo.

Umukuru w’igisagara ca Butembo, Sylvain Kanyamanda yasavye ababa muri ico gisagara gufasha abajejwe kurwanya ikiza ca Ebola.

N’irya mbere ikiza ca Ebola cibonekeje ubwa mbere mu kwezi kw’umunani muri Kongo ciyadukiza mu karere karimwo intambara.

Ukwinuba ivyerekeye Ebola, uruhagarara n’ubwicanyi mu karere ko mu buseruko bwa Kongo vyarageramiye utwigoro tw’uguhagarika iyo ndwara.

Ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi, OMS ryagabishije mu ndwi iheze ko Ebola ishobora gutandukira izindi ntara muri Kongo niyo uruhagara n’ibwicanyi vyobandanya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG