Uko wahagera

UNICEF Irasabira Imfashanyo Abana muri Kongo


Umwana ariko ahabwa urukingo rw'ubukangwe muri Congo, italiki 19/06/2018.
Umwana ariko ahabwa urukingo rw'ubukangwe muri Congo, italiki 19/06/2018.

Ikigega mpuzamakungu c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cita ku bana UNICEF, gisaba reta nshasha ya Republika iharanira demokarasi ya Kongo gutanga imfashanyo ku banyagihugu baba mu ntara zasinzikajwe n’intambara, aho imiliyoni 13 z’abantu bacumukura kugira baronke ico bafungura, uburaro hamwe n’inyigisho.

Umuyobozi mpuzabikorwa wa UNICEF, Henrietta Fore hamwe n’umwunganirizi w’umunyamabanga ajejwe imfashanyo, Mark Lowcock yatahutse avuye muri Kongo mur’iyi ndwi, asaba amafaranga yo gufasha imiliyoni zine z’abana hamwe n’abanyagihugu bamugaye.

Intumwa za ONU muri Kongo zarabonanye na perezida Felix Tshisekedi kandi ngo baragiranye ibiganiro vyubaka kubijanye no gutanga imfashanyo ku banyagihugu.

Izo ntumwa kandi zarabonanye n’umushikiranganji w’amagara y’abantu, Oly Ilunga bavuga ku kiza ca Ebola cateye ibisagara vya Beni na Butembo. ONU ivuga ko abana barenga 1000 batandukanijwe n’abavyeyi babo canke babaye impfuvyi. Abana bagize ica gatatu c’abanduye Ebola.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG