Uko wahagera

OMS Yoba Igiye Kwemeza Ebola nk'Ikiza Gihangayikishije Isi?


Bamwe mu bakozi bo mu gisata c'amagara y'abantu kw'isi mu bikorwa vyo gupompa bakinga Ebola
Bamwe mu bakozi bo mu gisata c'amagara y'abantu kw'isi mu bikorwa vyo gupompa bakinga Ebola

Abahinga batangaza ko ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS, ryotegerezwa kandi ko rishobora gutangaza ko ikiza ca Ebola ari ikibazo cihutirwa kw’isi.

Ni inyuma yuko ico kiza gitandukiye igihugu ca Uganda kivuye muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo. Umurwi w’abahinga bajejwe guha impanuro ishirahamwe OMS babonanye uno musi ku wa gatanu.

Ikiza ca Ebola muri Kongo nico kiza ca kabiri ciyadukije kuva ico kiza cadutse ubwa mbere mu karere ko muri Afrika yo mu burengero hagati y’umwaka w’i 2014 n’umwaka w’2016.

Ishirahamwe OMS ryatangaje ku musi wa kane ko abantu babiri bapfuye mu gihugu ca Uganda bahitanywe na Ebola inyuma yuko bashitse muri Uganda bavuye muri Kongo bafise iyo ndwara.

Umurwi w’abahinga mu vyerekeye amagara y’abantu bigenga 13 bari muri komite ijejwe ibikorwa vyihutirwa y’ishirahamwe OMS babonanye uno musi ku wa gatanu kugira bihweze ivyemezo vya nyuma hamwe nuko niba ikiza ca Ebola ari ikibazo cihutirwa cerekeye amagara y’abantu giteye impungenge amakungu.

Ingingo nkiyo yotuma ingingo zikomeye zifatwa, n’amafaranga n’uburyo biboneka mu rugamba rw’ukurwanya ico kiza. Uwo murwi w’abahinga bazoshikiriza ivyiyumviro vyabo umuyobozi mukuru w’ishirahamwe OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus azofata ingingo ya nyuma.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG