Radio
Murisanga
Mu Rwanda, ubushakashatsi bwakozwe n’ikigo c’igihugu kijejwe kwitaho amagara y’abantu, RBC, mu mwaka wa 2018, bwerekana ko umuntu umwe kuri batanu mu bafise imyaka iri hagati ya 14 na 65 afise ikibazo co mu mutwe. RBC muri ubwo bushakashatsi ivuga ko ingwara zo mu mutwe zigendanwa na benshi gusumba ari iy’agahinda karengeje urugero: Ibice 11.9% vy’abanyagihugu bari hagati y’imyaka 14 na 65 ni bo bayigendana, iy’umuhangayiko iri mu bice 8.6% vy’abanyagihugu bafise iyo myaka, ihungabana riterwa n’ibihe bikomeye umuntu yaciyemwo nayo igasonga ibice 3.6% vy’abari hagati y’imyaka 14 na 65, mu gihe igicuri/intandara ibangamiye ibice 2.9% vy’abantu bari muri uwo muce w’imyaka. Muri murisanga y’uno musi Ijwi ry'Amerika ryabatumiriye: 1. Dr Rutembesa Eugene, Umuhinga mu mitekerereze n’ibijanye n’uburwayi bwo mu mutwe. Dr Rutembesa ni n’umwigisha kuri kaminuza y’u Rwanda mu gisata c’ubuganga. 2.Yvonna Uwayezu na Haragirimana bigeze kugira ibibazo vyo mu mutwe. Uwuremesheje ikiganiro Murisanga ni Umumenyeshamakuru Diane Nininahazwe
Amakuru y'Akarere
Ingingo zigize amakuru agezweho mu karere k'ibiyaga binini: Muri Repubulika ya demokarasi ya Kongo impunzi z’Abarundi zivuga ko hari abantu babo baburiwe irengero mu ibitero by’abarwanyi ba mai mai Indege z'intambara za Etiyopiya zongeye kurasa i Mekelle, umurwa mukuru wa Tigreya Kenya yakuyeho amabwiriza y’ibihe bidasanzwe yari yarashyizweho yo kwirinda ikwirakwizwa rya COVID 19
Amakuru ku Mugoroba
Ingingo zigize amakuru yo kuri uno mugoroba kw'Ijwi ry'Amerika: Bamwe mu Barundi bahungiye mw'ikambi ya Lusenda iri muri Kongo baburiwe irengero inyuma y'ibitero umurwi wa Ma iMai wagavye mu ndwi iheze bigahitana abagera ku 10. Indege z'Intambara za Etiyopiya Zongeye Kurasa i Mekele muri Tigreya Akanama ka ONU kajejwe umutekano uno musi karakorana kugira kige ibibazo vy'ibisasu vya misile za Koreya ya Ruguru