Uko wahagera

Murisanga


Murisanga
please wait
Embed

No media source currently available

0:00 0:59:59 0:00

Mu Rwanda, ubushakashatsi bwakozwe n’ikigo c’igihugu kijejwe kwitaho amagara y’abantu, RBC, mu mwaka wa 2018, bwerekana ko umuntu umwe kuri batanu mu bafise imyaka iri hagati ya 14 na 65 afise ikibazo co mu mutwe. RBC muri ubwo bushakashatsi ivuga ko ingwara zo mu mutwe zigendanwa na benshi gusumba ari iy’agahinda karengeje urugero: Ibice 11.9% vy’abanyagihugu bari hagati y’imyaka 14 na 65 ni bo bayigendana, iy’umuhangayiko iri mu bice 8.6% vy’abanyagihugu bafise iyo myaka, ihungabana riterwa n’ibihe bikomeye umuntu yaciyemwo nayo igasonga ibice 3.6% vy’abari hagati y’imyaka 14 na 65, mu gihe igicuri/intandara ibangamiye ibice 2.9% vy’abantu bari muri uwo muce w’imyaka. Muri murisanga y’uno musi Ijwi ry'Amerika ryabatumiriye: 1. Dr Rutembesa Eugene, Umuhinga mu mitekerereze n’ibijanye n’uburwayi bwo mu mutwe. Dr Rutembesa ni n’umwigisha kuri kaminuza y’u Rwanda mu gisata c’ubuganga. 2.Yvonna Uwayezu na Haragirimana bigeze kugira ibibazo vyo mu mutwe. Uwuremesheje ikiganiro Murisanga ni Umumenyeshamakuru Diane Nininahazwe

XS
SM
MD
LG