Ku murwa mukuru Kabul wa Afghanistan hakomeje kuvugwa ibitero by'urukurikirane bya bombe bitegwa mu modoka n'abiyahuzi bigahitana ubuzima bw'abasivili batari bake.
Umunyapalestine ari mw’itohoza avuga kw’igihugu ca Israeli, gifise uruhara mw’igandagurwa rya president Yasser Arafat.
Umuyaga w’igihuhusi simusiga hamwe n’imvura y’agakura, bitari bwaboneke gushika ubu, birasinzikaje igihugu ca Phillipines.
Muri reta zunze ubumwe za amerika, umudemokrate Terry McAuliffe yaraye atsinze mu matora ya bulamari mu ntara ya Virginia.
Umurwi urwanya ubutegetsi mu buseruko bwa Congo ku wa gatatu, waratanguye gusubiza ibigwanisho.
Sentare yo mu Bbutaliyano yaraciye urubanzaSilvio Berlusconi, yahoze ar’umushikiranganji wa mbere.
AbaFaransa hamwe n’abanyaThailand, bariko barafasha abakozi bo mu gihugu ca Laos, mu gikorwa co kurondera imivyimba.
Abategetsi bo mu gihugu ca Mali batangaje igitigiri c’abantu baguye mw’isanganya ry’ubwato.
Igihugu ca Arabie Saudite caranse kwakira ikibanza mu nama mpuzamakungu ijejwe umutekano.
Abapolisi Bo Muri Uganda, barikanuye, inyuma y’aho ambassade ya amerika mur’ico gihugu, igabishirije ko hashobora kuba ibetero vy’iterabwoba.
Amakuru ariko aratangazwa avuga kw’abarwanya ubutegetsi mu buseruko bwa Congo baronka amafaranga bakoresha, mu kunyuruza inzahabu
Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Libya Ali Zeidan yarasubiye ku cicaro ca reta ku murwa mukuru Tripoli ejo ku musi wa kane, ari muzima.
President Barack Obama yatumiye abashingamateka 232 bahurikiye mu mugambwe w’abarepublika muri presidence ya amerika.
Reta ya Amerika yatangaje kw’ihagaritse imfashanyo ya gisirikare hamwe n’imfashanyo y’amafaranga.
President w’igihugu ca Guinee ariko ariyamiriza ibirego bivuga kw’amatora y’abashingamateka,yabayemwo ubusuma.
President wa reta zunze ubumwe za amerika, Barack Obama yarakeje abasirikare bafashe Abu al-Libi, yagirizwa ibitero vy’iterabwoba.
Abantu bikekwa kw’arabagwanyi, barishe abajejwe umutekano icenda mu gihugu ca Misiri.
Umucamanza wo mu gisagara ca New Delhi mu gihugu c’Ubuhindi, yatangaje kw’urwo rubanza rutegekanijwe ku wa gatanu.
President Barack Obama yasavye Congres gutenyenya ku cemezo gitanga uburenganzira bwo gukora ibitero vya gisirikare mu gihugu ca Syria.
President Obama Aragabisha Ko Syria ishobora kumera nk’igihugu c’Urwanda.
Voma ibindi