Uko wahagera

Isanganya Ry’Indege Muri Laos, Ryaratikije Inganda


Umurwi w'abaFaransa, bari mu kibanza cabereyemwo iryo sanganya ry'indege kw'igenekerezo rya 19 ry'ukwezi kw'icumi
Umurwi w'abaFaransa, bari mu kibanza cabereyemwo iryo sanganya ry'indege kw'igenekerezo rya 19 ry'ukwezi kw'icumi

AbaFaransa hamwe n’abanyaThailand, bariko barafasha abakozi bo mu gihugu ca Laos, mu gikorwa co kurondera imivyimba.

Iyo mivyimba n’imivyimba y’abantu bari mu ndege yagize isanganya, ikagwa mu ruzi rwitwa Mikong River, ku musi wa gatatu.

Abantu 49 bose bari mur’iyo ndege y’isosiyete yitwa Lao Arlines, bose barahasize ubuzima. Gushika ejo ku musi wa gatandatu, imivyimba 30, yar’imaze gutorwa.

Umurwi w’abafaransa bajejwe ivyerekeye impanuka z’indege hamwe n’abasirikare bo mu gihugu ca Thailand, ejo ku musi wa gatandatu, bariko barakoresha ivyuma bita SONA, bifasha gutora abantu baguye mw’isanganya, barondera ibisigarira vy’iyo ndege hamwe n’imivyimba mur’urwo ruzi.

Urutonde rw’abantu bari mur’iyo ndege, rwarashize ahabona amamuko y’abantu baguye mur’iyo ndege, barimwo abanyaLaos 17, abaFaransa indwi, abanyaAustralia batanu, abanyeThailand batanu, abanyaKorea batatu; abanyaVietnam babiri; umunyamerika umwe; umunyaCanada umwe; umunyaMalaysia umwe hamwe n’umunyaTaiwani umwe.

Abandi bantu batanu bari mur’iyo ndege, bar’abadereva hamwe n’abakozi bayo.
XS
SM
MD
LG