Mu mu ntara ya New Jersey naho, Bulamatari Chris Christie, ni we yasubiye gutahukana intsinzi yo kurongora iyo ntara.
Amatora yabaye ejo ku musi wa kabiri, arerekana, ico abanyamerika bagona, imbere y’amatora y’abashingamateka, ategekanijwe mu mwaka uza
Mu ntara ya New Jersey, Chris Christie yaronse amajwi ashika 60%, akaba rero yarushije amajwi menshi, umudemokrate hamwe n’umutegetsi yariko yitoza ku giti ciwe.
Ukuntu yerekanye kw’atwarira hagati kandi yitaho imigambwe yose, kwatumye abantu benshi bavuga kw’ashobora kwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu 2016, ku giti c’umugwambwe w’abarepublika.
Terry McCAuliffe nawe yigeze kuba umukuru w’umugambwe w’abaDemokrate yaratsinze arushije amajwi makeyi, Ken Cuccineli wo mu mugambwe w’abaRepublika, bahiganywe.
Abantu bihweza ibintu n’ibindi bavuga ko yononewe n’abanyamugambwe b’intagondwa, bamushigikiye.
Ayandi matora akomeye yabaye ejo ku musi wa kabiri, n’amatora y’umukuru w’igisagara ca New York City, aho abanyamerika batoye Bill de Blasio.
Abaye umudemokrate wa mbere, atowe kuba umukuru w’igisagara ca New York, kuva mu mwaka w’1989.