Uko wahagera

Ibirego Vy’uruhara Rwa Israeli Mu Rupfu Rwa Arafat


Tawfik Terawi arongoye umurwi w'abanyaPalestine bajejwe itohoza ry'urupfu rwa Yasser Arafat
Tawfik Terawi arongoye umurwi w'abanyaPalestine bajejwe itohoza ry'urupfu rwa Yasser Arafat

Umunyapalestine ari mw’itohoza avuga kw’igihugu ca Israeli, gifise uruhara mw’igandagurwa rya president Yasser Arafat.

Ivyo birego bitangajwe inyuma y’aho abahinga b’abaSuisse, batangarije ko hari ibintu vyerekana ko yarozwe uburozi bukwiragira mu mubiri.

Tawfik Trawi, umukuru w’umurwi w’abanyaPalestine bariko barakora itohoza ry’igandagurwa rya Arafat, uyu musi ku wa gatanu, yabwiye abamenyeshamakuru, ari mu gisgara ca Ramallah, kw’iryo tohoza rizobandanya. Yavuze kw’urupfu rwa Arafat, rwabaye icaha gikomeye cane gikozwe mur’iki kinyana ca 21.

Laboratoire yo mu gihugu c’Ubussuisse, ntiyashoboye kubona neza, ikintu cagandaguye umushingantahe Arafat, yamara, abakoze ivyo bipimo bavuga kw’ibintu vy’uburozi bwa radioactive vyari vyatowe ku muvyimba wiwe hamwe no ku mpuzu yari yambaye, vyari vyinshi ku buryo bitari vyashizweho ku mpanuka.

Abategetsi bo mu gihugu ca Palestine bamye bashikiriza ibirego bivuga kw’igihugu ca Israeli cahaye uburozi umushingantahe Arafat. Igihugu ca Israeli carahakanye kirarengwa kw’ata ruhara gifise mu rupfu rw’umushingantahe Arafat, kandi n’ejo ku musi wa kane, carasubiye guhakana ivyo birego.
XS
SM
MD
LG